BurundihomepagekirundiSCIENCES & TECHNOLOGIES

Ahamagarira abigeme kwijukira gukoresha ubuhinga bwa none

Bamwe mu bigeme n’abakenyezi ngo ntibaramenya gukoresha ubuhinga ngurukanabumenyi mu kumunyekanisha ivyo bakora kugira biteze imbere. Ahandi naho ngo barabaca intege bababwira ko badashoboye. Bivugwa na bamwe mu bigeme bari mw’ihiganwa ryo gukoresha ubuhinga ngurukanabumenyi. 

Umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru ahamagarira abigeme kwijukira gukoresha ubwo buhinga ngo kuko bafise uruhara mw’iterambere ry’ igihugu.

Marie Chantal Nijimbere yabateye ako kamo mu gutanguza, kuri uyu  wa mbere, igenekerezo rya 19 Ndamukiza 2021, indwi yahariwe umusi mpuzamakungu wahariwe  umwigeme mu buhinga bwa none.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764