BurundikirundiSport

Boxe: Uburundi buzokwakira inkino z’akarere

Igihugu cacu nico cizewe n’ishirahamwe rya boxes muri Africa ngo kizotunganye mu mwaka uza 2022, ihiganwa ry’akarere ka gatatu muri urwo rukino inyuma yaho Libreville yakiriye izo nkino muri 2019 , Kinshasa ikazozakira muri uno mwaka 2021. Umurundikazi Ornella Havyarimana akaba yatahukanye umudali w’umujumbu muri izo nkino .

Mw’ikete ryandikiwe Éric Ndayishimiye arongoye ishirahamwe rya boxe mu Burundi kw’igenekerezo rya mbere Ndamukiza , Bertrand Mendouga arongoye akarere ka gatatu zone 3 muri boxe Ku rwego rwa Afrika yabmmenyesheje ko Uburundi aribwo buzokwakira izo nkino mu mwaka uza akaba yamusavye gukora ibishoboka vyose ngo akorane na leta hamwe n’abafatanya bikorwa batandukanye kugira iryo higanwa ritunganywe neza.

Hamwe Uburundi bwokwakira iryo higanwa uburusho ni bwinshi kuko igihugu caco comenyekana kikanahungukira mu gisata c’ ubutunzi n’ubukera rugendo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 499