BurundiDevelopmentEconomyhomepagekirundi

Abagitoza amafaranga bita y’imbuga bagiye kwibonerako

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n’umutekano bwasubiye kugabisha abantu canke amashirahamwe abandanya atoza amafaranga bita ay’imbuga ku bituro ko abazofatwa bazohanwa hisunzwe amategeko.

Umuvugizi w’ubwo bushikiranganji yabishikirije kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 21 Ndamukiza 2021 mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru.

Pierre Nkurikiye asaba abo batozwa ayo mafaranga cane cane abagendesha amakinga ko uwosubira kuyabatoza boca bitura igiporisi kibegereye canke abajejwe intwaro.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769