BurundihomepageJusticekirundi

Perezida Evariste Ndayishimiye aragabisha abacamanza bakorana inzigo

Umukuru w’igihugu c’Uburundi asaba abakorera mu gisata c’ubutungane kwikebuka bavavanure no guca imanza bashizemwo inzigo.

Mw’ijambo ryiwe ryo gutanguza igikorwa co kurekura abanyororo bahawe ikigongwe n’umukuru w’igihugu, Evariste Ndayishimiye yagize ati:

“Abacamanza, abajejwe urwego rw’ubutungane ni babimenye y’uko gupfungwa ari “exception”. Tureke bimwe vy’ikirundi uriko urakanga umuntu ngo ndagupfunga. Ukorera igihugu nta vy’inzigo bijamwo. Gutwaza inzigo uri umutware kaba kabaye”.

Evariste Ndayishimiye yasiguye ko kuba umucamanza ari umuhamagaro kuko bigira umutima w’ubuntu. Ku bwiwe nico gituma umucamanza wese atonezerwa abona hariho abantu bapfunzwe bataraciribwa imanza, atavuga ngo ingingo iyi ni iyi niyo imufashe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764