footballhomepageIKIRUNDI_newskirundi_Sports

Mbappe mu kibanza ca mbere mu bagiye guhimiriza abandi kwikingiza COVID-19

Ubufaransa busa n’uburiko burakwega amaguru mu gukingira abenegihugu ikiza ca Corona Virus ugereranije n’ibindi bihugu bari kumwe. Ico kikaba ari icaha cegekwa u mukuru w’igihugu Emmanuel Macron.

Kugira ico gisibo bagikuremwo, ubufaransa bwoba bugiye kwifashisha umukinyi w’umufaransa akinira umurwi wa PSG, kugira abe ariwe ababera umuserukizi “Ambassador”, noneho ahimirize abikiri bato nabo baje kwicandagisha.

Ivyo bikaba bishikirijwe mu gihe abarenza gato imyaka 18 nabo bemerewe gutangura guhabwa urwo rukingo rw’ico kiza cugarije isi guhera mu mpera z’umwaka wa 2019.

Ariko naho biruko, hakaba hakiriho amakenga menshi ko ashobora kutabandanya akirinira umugwi wa PSG mu gihe mugenziwe Neymar we aheruka gushira umukono ku masezerano mashasha n’uwo mugwi aho bongeyeko imyaka 3, amasezerano akaba azorangira mu mwaka wa 2025.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 846