Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yashikirije ubutumwa bwo guhoza imiryango yaraye ibuze inyuma y’aho yumviye inkuru y’umubabaro aho mw’ijoro ryo kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 9 rusama 2021, abantu umunani basize ubuzima mu gitero c’akagwi kitwaje ibigwanisho bicira umuriro, kategera abantu kw’ibarabara rya Muramvya – Bujumbura. Mur’abo bahasize ubuzima, harimwo intwazangabo mu gisirikare Onesphore NIZIGIYIMANA.
Umukuru w’igihugu c’Uburundi, Evariste Ndayishimiye abicishije ku rubuga rwa Twitter ariyamiriza ubwo bwicanyi agira ati : “Turababajwe n’abambuzi baraye basubiye guhekura Uburundi. Ibigeragezo ntibizoreka kubaho ariko aragowe uwo bizovako. Abagizi ba nabi bose bategerezwa gutuzwa. Turaremesheje imiryango yabuze.”