BurundihomepageIKIRUNDI_newssecurity

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye arahoza imiryango yaraye ibuze

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yashikirije ubutumwa bwo guhoza imiryango yaraye ibuze inyuma y’aho yumviye inkuru y’umubabaro aho mw’ijoro ryo kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 9 rusama 2021, abantu umunani basize ubuzima mu gitero c’akagwi kitwaje ibigwanisho bicira umuriro, kategera abantu kw’ibarabara rya Muramvya – Bujumbura. Mur’abo bahasize ubuzima, harimwo intwazangabo mu gisirikare Onesphore NIZIGIYIMANA.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi, Evariste Ndayishimiye abicishije ku rubuga rwa Twitter ariyamiriza ubwo bwicanyi agira ati : “Turababajwe n’abambuzi baraye basubiye guhekura Uburundi. Ibigeragezo ntibizoreka kubaho ariko aragowe uwo bizovako. Abagizi ba nabi bose bategerezwa gutuzwa. Turaremesheje imiryango yabuze.”

What's your reaction?

Related Posts

1 of 717