BurundiEnvironnementhomepageIKIRUNDI_news

Naho bamwagiriza kuba inyuma yavyo we avuga ko ariko akurikiza amategeko

Utuzu turenga amajana abiri tw’abanyagihugu baba ku gacimbiri Nyarure, umutumba Buhoro, komine Mabayi mu ntara ya Cibitoke twaraturiwe utundi turabomorwa haraheze iyinga.

Abo banyagihugu bagiriza uwurongoye komine umushingantahe Nicodème Ndahabonyimana ko yoba ari inyuma y’ivyo vyago vyabashikiye bagasaba gutunganirizwa kuko bemeza ko ayo matongo ari ayabo.

Musitanteri Nicodème we asigura ko abo bantu bari bihagiye itongo rya Reta ata n’umwe abahaye uruhusha, akanabahumuriza ko bagiye kuhatunganya neza kuko bari bahubatse mu kajagari.

Inkonoko @RadioIsanganiro

What's your reaction?

Related Posts

1 of 717