BurundihomepageIKIRUNDI_newskirundi_Sports

Taekwondo : Cyprien Bigirimana yasubiye kwizerwa

Kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 16 Rusama 2021 niho haba amatora mw’ishirahamwe rya Taekwondo mu Burundi. Bigirimana Cyprien yaramaze imyaka mu burongozi bw’iryo shirahamweakaba yatsinze Macumi Gérard bahiganwa muri ayo matora yabereye kw’ishure ESTA (ryahoze ryitwa Athénée primaire).

Muri ubwo burongozi bushasha hakaba hizewe Thierry Sindayihebura mu kibanza c’icegera c’uwurongoye iryo ishirahamwe mu gihe mu kibanza c’umunyamabanga hatowe Édouard Nzambimana akazofashanya na Saoul Ntamavukiro. hatowe kandi Arthur Kwizera mu kibanza c’umunyamabigega akazofashanya na Jean Claude Ndayizigiye.

Muri ayo matora bakaba bizeye Elsa Naomie Niyonizeye nk’uwujejwe igisata c’abigeme.

Ayo matora yahagarikiwe n’abahagarikizi b’amatora Phocas Mpozindagano wo muri Judo, Nzisabira Félix atwara ishirahamwe rya Handball hamwe na Christophe Nkurunziza asanzwe arongoye ishirahamwe rya karaté mu Burundi akaba n’icegera c’umunyamabanga wa comité national olympique mu Burundi.

Urukino rwa Taekwondo rwatangujwe na Kagabo Eugène batazira Rangira akaba murumuna wa Kanyankore Gilbert batazira Yaoundé yigeze kumenyereza Vitalo fc.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 845