kuri uyu wa kane igenekerezo rya 20 Rusama 2021 isaha icenda 15h00 ku kibuga Intwari , haza guca uwambaye hagati ya Vital’o Fc hamwe na Inter Stars mu rukino rw’indwi ya 29 rwa Primus league Burundi .
Urwo rukino ntiruza kuba rworoshe kuko Vital’o Fc yipfuza gufata ibibanza vya Mbere kugira izokwitabire inkino z’igikombe c’umuhisi Petero Nkurunziza , mu gihe Inter Stars igiye gushiramwo inguvu zidasanzwe kugira ntikoroke mu cicaro ca kabiri na rirya igeze aho umwansi ashaka .
Turabiye kubiharuro vya hafi mu nkino 18 iyo migwi imaze guhura Vital’o Fc imaze gutsinda inkino 11 banganya inkino 4 , Inter Stars itsinda inkino 3.