footballIKIRUNDI_newskirundi_Sportsprimus ligue

# Indundi Sports | Flambeau du Centre irondera inota rimwe kugira itware igikombe ca Primus league

 

kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 23 Rusama 2021 Isaha icenda 15h00 ku kibuga Urukundo , Umugwi Messager Ngozi uzoba uriko wakira bene wabo Flambeau du Centre basanzwe bari muri Academy imwe . Urwo rukino rutaza kuba rworoshe kuko Umugwi Messager Ngozi utsinze urwo rukino uzoba utahukanye igikombe ca Primus league co muri uno mwaka , mu gihe Flambeau du Centre wowo urondera inota rimwe kugira ubashe gutwara ico gikombe ubwa mbere mu mateka yawo.

Benshi bakaba baha amahirwe menshi yo gutwara ico gikombe Umugwi Flambeau du Centre wo mu Ntara ya Gitega bivanye n’uko urondera inota rimwe gusa kugira utahukanye ico gikombe.

Mwomenya ko amahirwe menshi yo gutwara ico gikombe ca Primus league ahabwa iyo migwi ibiri ya Academy le Messager yashinzwe n’umuhisi Petero Nkurunziza yahoze arongoye Uburundi .

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 315