East Africa NewshomepageIKIRUNDI_news

Umwanda mukuru ushobora kuvamwo Gaz Methane, kiretse uw’abanya Kampala

Ubushakashatsi bwakozwe bwerekana ko umwanda mukuru w’umuntu ushobora guhingurwamwo Gaz bita Methane, iyo ikaba ishobora gukoreshwa nk’igitoro c’imodoka canke ibindi bikorwa.

Ubwo bushakashatsi bushobora kuba butaravye neza, kuko ikinyamakuey The new vision co mu gihugu c’ubugande kivuga ko umwandamukuru w’abanya Kampala udashobora kuvamwo iyo Gaz.

Ico kinyamakuru ntigishikiriza neza icigwa cakozwe kuri ico kibazo uko citwa, ariko ngo ico cirwa cakozwe na The National Water and Sewerage Corporation (NWSC).

Ico kinyamakuru gishikiriza ko muri ubwo bushashatsi bwakozwe, ngo muri uwo mwanda mukuru hatabonekamwo ivyangombwa bikwiye kugira habashe kuboneka izo nguvu za Methane.

Ico kinyamakuru ariko ntikivuga ko habonetse icoba catumye uwo mwanda mukuru utabasha kubonekamwo ivyo vyangombwa. Ntikinashikiriza kandi ko bishobora kuba vyavuye ku biribwa n’abo baganda canke ibindi.

Mwomenya ko umwanda mukuru w’umuntu ubashashatsi bwakozwe bwerekana ko urimwo ivyankenerwa vyose kugira ubashe kuvamwo iyo Gaz. S’ivyo gusa, kuko n’umwanda muto (Amasobe) ngo ufise vyinshi ushobora kuvamwo harimwo umuyaga nkuba, co kimwe n’ukuvura ingwara zitari nke, ariko kandi umwanda muto, umuntu ashobora kuwunywa mu gihe yabuze amaze ata kibazo na kimwe ushobora kugira.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 688