kirundikirundi_SportsYvan muziki

Neymar yavuye mu gacerere avuga kw’ikinjura ryiwe muri PSG

Neymar ntiyemera kandi ntahakana ko atagiye gusezera PSG muri uno mwaka, ahubwo avuga ko aharyoherewe ahari, ariko kandi ko atawuzi kazoza kiwe.

Mu gihe Neymar amaze hafi ukwezi kwose ataboneka mu kibuga c’umupira w’amaguru, uwo mukinyi akomeye wa PSG abandanya akora ibiganiro n’ibinyamakuru bitandukanye.

Amakuru dukesha ikinyamakuru Goal avuga ko uwo mukinyi ngo mu kiganiro aheruka gutanga yavuze kw’ikinjura ryiwe mu murwi wa PSg, akerekeza muri Real madrid canke muri Barcelona. Ibigize igihe bivurwa cane ariko ata nyishu itomoye itangwa.

Neymar yishura kuri ico kibazo, nawe nyene yasize abantu mu bibazo bikomeye, aho yavuze ko aho ari mu bufaransa muri PSG aharyoherewe cane.

Ariko kandi mu nyishu yatanze yavuze ko ata mugambi afise muri kano kanya wo kuvavanura n’uwo murwi, ariko kandi ko ata wuzi kazoza kiwe.

Neymar muri ico kiganiro yanavuze ko umurwi wa Real madrid ari umwe mu mirwi ikomeye cane kw’isi, ngo buri mukinyi yegerewe n’abarongoye uwo murwi bamusaba kuwukira, ngo ntawe umuti utosimba.

Muri ico kiganiro akaba atatanze inyishu itomoye kuri ico kibazo kigize igihe kivurwako vyinshi, aho Barcelona ivuga ko ivyukugaruka vyiwe atavy bazi, co kimwe na Real Madrid ivuga ko ataco barabivuganako.

Ariko kandi amakuru ava mu bufaransa, akaba avuga ko uwo mukinyi co kimwe na mugenziwe ava mu bufaransa nyene Mbappe ko hashobora gukinjuramwo umwe muribo muri uno mwaka, ngo bikunde ko uwo murwi uronka amafaranga yo kugura abandi bakinyi. Abenshi bakabona ko Mbeppe ariwe ashobora gukinjura.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 635