BurundiDevelopmentFabelovehomepagekirundi

Abamenyeshamakuru bahamagarirwa gutunganya ibiganiro biteza imbere umukenyezi

Kuri uyu wa kabiri waraye uheze, igenekerezo rya 5 Ntwarante 2019, ishirahamwe mpuzamakungu riraba ibijanye n’inyigisho hamwe n’imico kama mu Burundi UNESCO ryari ryaramutse ritunganya inyigisho zo gukarihiriza ubwenge abamenyeshamakuru. Izo nyigisho zikaba zari zijanye n’ingene abamenyeshamakuru botunganya ibiganiro biteza imbere umukeneyezi.

Uwari yaserukiye ishirahamwe UNESCO muri izo nyigisho yashikirije ko ico bipfuza aruko amaradiyo yaronkejwe izo nyigisho yobera akarorera keza abandi mu gufasha kwigiza kure ivyiyumviro  bikumira  abakenyezi haba muri ibi canke biriya.

Mw’ijambo ryiwe, umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru hamwe n’ibimenyeshamakuru Frederic NAHIMANA yamenyesheje ko Reta y’Uburundi yiyemeje kuzokora ibishoboka vyose mu gushigikira ibiganiro biteza imbere umukenyezi.

Uwo mushikiranganji yarangije ahamagarira abatunganije izo nyigisho gukora ibishoboka kugira ngo abamenyeshamakuru bazoba baronkejwe  izo nyigisho zizobagirire akamaro maze bagire ico bahindura mw’itunganywa ry’ibiganiro basanzwe batunganya.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 768