BurundihomepagekirundiPacifique NdabihawenimanaSécurité alimentaire

Kirundo : Buramatari ahamagarira abenegihugu kwijukira gukora iyindi myuga

Buramatari w’intara ya Kirundo asaba abanyagihugu bo mu makomine asinzikajwe n’inzara kwijukira gukora iyindi myuga na cane cane kudandaza no guteza imbere uburovyi.

Alain Tribert Mutabazi yabishirije kuruno wa kabiri mu gihe ishirahamwe ritanga ibifungurwa PAM ryariko ritanga imfashanyo ku miryango ibihumbi 22 isinzikaye gusumba iyindi. Uwo aramutswa intara ya Kirundo amenyeshako bafadikanije na reta y’uburundi bagiye gutanguza umugambi wo kuvomeza amazi y’ibiyaga biri muri iyo ntara.

Nayo mu manama y’umutekano amaze imisi agirisha abenegihugu bo mu makomine atandukanye agize iyo ntara, buramatari Mutabazi aguma abahamagarira kubumbatira amahoro n’umutekano hamwe no guheba kwagirizanya uburozi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764