footballIKIRUNDI_newskirundi_Sportsprimus ligue

Impamvu ishobora kuba ituma Rukundo Onesime adakina muri Messager Ngozi

Kuva ihiganwa rya Primus League ritangura umunyegori ntayegayezwa w’umugwi Messager Ngozi ntaraboneka mu kibuga.

Imbere y’uko ihiganwa ritangura vyari vyavuzwe y’uko Rukundo Onesime adashobora kuboneka yambaye umwambaro wa Messager Ngozi bivanye n’uko ivyo yasavye uburongozi bwa Messager Ngozi atarabihabwa ari navyo biriko biribonekeza kuko ntarahonyoza ikirenge mu kibuga.

Indundi Sport yashoboye kwegera umunyegori Rukundo Onesime kugira atange umuco kuvyerekeye kutaboneka mu kibuga yambaye umwambaro wa Messger Ngozi ariko ntiyashimye kugira ico ashikirije.

Bamwe mu bakinyi bakinana bobo ubabajije bakubwira y’uko bishoboka y’uko hari ivyo yasavye umugwi ariko ntabihabwe.

Mwomenya y’uko Rukundo Onesime yahamagawe mu mugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba mu ntumbero yo kwitegurira urukino rwa kivandimwe rugiye guhuza Intamba na Algerie mbere akaba ari no mubakinyi bazofata urugendo bikaba biboneka y’uko umumenyereza mukuru Jimmy Ndayizeye asanzwe azi ibibazo vyiwe n’uburongozi bwa Messager Ngozi kuko atasivye kumuhamagara kandi amaze inkino zibiri adakina.

Mwokwibuka y’uko Rukundo Onesime amaze gufasha Messager Ngozi gutwara ibikombe bitari bike ndetse akaba ari nawe yatowe nk’umunyegori yaranze ihiganwa rya Cecafa Challenge Cup -23 ryabereye muri Ethiopie mu kwezi kwa Mukakaro 2021.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 315