footballhomepageIKIRUNDI_newskirundi_Sports

H.E Paul Kagame yagize PSG iya 2 mu migwi abereye umufana

Mu kiganiro aheruka gutanga umukuru w’igihugu kibanyi c’Urwanda Paul Kagame, yavuze ko atazota umugwi wa Arsenal ngo nuko uno musi utifashe neza, kuko ibihe bariko baracamwo bashobora kubisokokamwo umwanya n’umwanya.

Muri ico kiganiro nyene, yavuze ko umugwi wundi asigaye afana ari PSG basanzwe banafashanya nk’igihugu kumenyekanisha ubwiza bw’ico gihugu abazwa, VISIT RWANDA.

Umumenyeshamakuru w’imboneshakure y’igihugu RBA yamubajije ari nka hamwe iyo migwi [PSG na ARSENAL] zikiniye rimwe uwo yoraba, H.E Paul Kagame yavuze ko yoraba yose akaza arahindura, ariko ngo iyoba iriko ikina neza muri uwo mwanya ariyo yoheza agaha umwanya munini.

Mwomenya ko muri ico kiganiro, H.E Paul Kagame yamenyesheje ko uwo mugwi wa Arsenal yabaye umufana wawo haraheze imyaka itari musi ya 30.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 846