East Africa NewshomepageIKIRUNDI_news

Frederick Ngenzebuhoro yuguruye insamirizi mu Rwanda

JF Imanzi Fm ni imwe mu nsamirizi nshasha zuguruye mu gihugu kibanyi c’Urwanda, iyo nsamirizi ikaba icishwako ibiganiro bitandukanye, ariko vyinshi murivyo bikaba bizogaruka cane ku bijanye n’ukwigisha cane ibijanye n’ubutunzi.

Iyo nsamirizi nshasha ikaba yashinzwe n’abagabo 2 barimwo umurundi n’umunyarwanda. Umurundi akaba ari Ngenzebuhoro Frederick asanzwe ari nawe nyene insamirizi Radio Culture ya hano iwacu.

Nkuko amakuru dukesha ikinyamakuru igihe cari citabiriye ibikorwa vyo kuyishira ku mugaragaro iyo nsamirizi ifise icicaro I Kigali ku mugwa mukuru w’Urwanda, ahitwa muri Saint paul kubishikiriza, ngo bazokwigisha cane ibijanye n’ukwitunganiriza imigambi, hamwe n’ukumenya kubika hamwe n’ugutangura kwiyungunganya muri bike bafise.

Uwo wundi yafatanije na Ngenzebuhoro Frederick mu bikorwa vyo gushinga iyo nsamirizi, akaba ari Dr. Ndahiro James asanzwe ari mu bantu bubashwe muri ico gihugu, kandi afise amabanga muri imwe muma Bank y’abasirikare ariyo CSS.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 688