footballhomepageIKIRUNDI_newskirundi_Sports

Zinedine Zidane yoba agiye kwerekeza muri Paris Saint Germain

Urukurukuru ruhari uno musi nuko umugabo yitwa Zinedine Zidane ashobora kuja kumenyereza umugwi wa PSG ari nka hamwe umukenyuro abanya Qatar bariko barategura wongenda nkuko bashaka.

Iyo nkuru ikaba ije gushirwako akaburungu n’amakuru ahari avuga ko umumenyereza w’umugwi PSG yoba agiye kwerekeza muri Manchester United, kuko ngo ibiganiro bigeze kure gose.

Abo muri Qatar boba ngo bamaze amezi atari make bageza umumenyereza Zinedine Zidane ngo bamenye nimba yokwemera ari nka hamwe bamuhaye ayo masezerano.

Inkuru dukesha Jeune Footeux ivuga ko umumenyeshamakuru w’umunya Qatar, Mohammed Al kaabi azi cane ivy’umugwi wa PSG, aheruka gutanga amakuru ko Zidane agiye guhabwa amasezeno akomeye cane n’uwo mugwi.

Ivyo rero bikaba bigoye kwemera, kuko bizwi ko uwo mumenyereza ngo yoba ariwe yosubiriye Didier Deschamps mu kibanza c’umumenyereza w’umugwi nserukiragihugu w’ubufaransa, ariko kandi ngo akaba azwiko cane gukunda umugwi wa OM nawo woba uriko uramurondera.

Naho hakirimwo igipfungu cinshi, ababirabira hafi ngo babona ko uwo mumenyereza ashobora kwerekeza muri uwo mugwi kubera ubucuti bwa hafi cane afitanye na Qatar, ubona ko ari n’umu Ambassador wa Coupe du Monde ya 2022 izobera muri Qatar.

Uwo mugabo ari nka hamwe yemeye kwerekeza muri uwo mugwi, ngo Dossier Kylian Mbappe yoca ihindura isura, igafata iyindi ntumbero.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 846