footballhomepageIKIRUNDI_newskirundi_Sports

Neymar ngo azosubira mu kibuga mu mwaka uza wa 2022

Neymar Junior ngo indwi ziri hagati ya 6 n’8 nizo zishobora kuzohaca imbere yuko uwo musore w’umunya Bresil asubira kuboneka mu gitigiri c’abakinyi ba PSG baja mu kibuga guhiganwa.

Ivyo bikaba biheruka gushikirizwa n’umugwi w’abaganga b’uwo mugwi inyuma y’ukumukorera ibipimo bitandukanye kugira hamenyekanye vyukuri ico uwo mukinyi w’imyaka 29 yoba yabaye kuri uyu w’Imana aho uwo mugwi wahura na Saint-etienne.

Uwo mukinyi akunze gukomereka cane kuva yinjira muri uwo mugwi wa PSG, umwaka wiwe wa 2021 ukaba wamaze guhera kuko yitezwe kandi mu kibuga mu mpera hagati mu kwezi kwa 1 canke mu mpera z’ukwezi kwa 1, aho azobasha gukina igice ca 1/8 de Final ya Ligue des Champions, gitegekanijwe ku magenekerezo ya 15/16 na 22/23 ukwezi kwa 2 mu mwaka uza.

Naho yitezwe muri iyo mikino, ngo ari nka hamwe ibiyago bishobora kuzoba hagati ya PSG n’umugwi nserukiragihugu ca Bresil, bitagenze neza uwo mukinyi ashobora kuzokwitabira inkino zo gukurakuranamwo za Worldcup izobera muri Qatar muri uwo mwaka wa 2022, zizohuza Bresil na Equateur igenekerezo rya 27/1/22 hamwe n’uwuzohuza Bresil na Paraguay igenekerezo 1/2/22.

Gushika ubu amahigwe ngo akaba ahengamira kuri PSG, kuko uwo mugwi wa Selecao bamaze kuronka itike izobatwara muri izo nkino z’igikombe c’isi kizobera muri Qatar.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 846