BurundihomepageIKIRUNDI_newskirundi_Sports

Ugukina agapira n’ugusenga ngo birajana cane

Apotre Jean Paul Manirakiza  ngo ugusenga n’urukino rwa Basketball birajana, ivyo nivyo uwo mutware wa FEBABU yishuye aho yabazwa ko ukuba umutware waFEBABU n’ugutwara urungero bijana.

Muri ico kiganiro na Jimbere Magazine, Apotre yavuze ko atazi impamvu abantu babona umukizwa nk’umuntu aganira n’impwemu gusa, mu gihe agiye kwa muganga ahabwa amaraso atabanje kubaza ko ari ay’umukozwa canke uwundi.

Muri ico kiyago nyene uwo mutware yavuze ko yamye afatanya gusenga n’ikindi gikorwa, birimwo kurima canke kwiga. Uwo mukozi w’Imana avuga ko buri kintu cose kigira umwanya Waco.

Yagize ati :“Sinzi igituma abantu benshi bama bibaza ko umukizwa ari umuntu yugaranye ari ahantu mu kizu, umengo ayaga n’impwemu gusa, ariko uwo mukizwa igihe agiye kwa muganga bamuha amaraso, ntabaza ko ari ay’abakizwa ntabaza yuko ayo maraso ari ay’abakizwa, ubu rero Basketball n’Ubuzima, n’ugusenga n’ubuzima, kanatsinda ntitubikora umwanya wose, hariho umwanya wo gusenga, hariho umwanya wo gukina, hariho umwanya wo gukora, hariho umwanya wo kuramutsa abagenzi. Rero nibaza ko ikintu cose n’umwanya Waco.”

What's your reaction?

Related Posts

1 of 845