footballhomepageIKIRUNDI_newskirundi_Sports

Ibisigi vya Diego Maradona bigiye gushirwa kw’isoko

Imodoka, inzu n’ibindi bikoresho bitandukanye umukinyi w’umupira w’amaguru Diego maradona yakoresheje akiri muzima, ngo bigiye gushirwa kw’isoko bigurishwe.

Idandazwa ry’ivyo bikoresho ngo vyemejwe n’abana biwe, kugira bikunde hagaburwe umurege w’uwo mugabo aharurwa muri bake bakunzwe cane mu mupira w’amaguru kw’isi.

Nkuko bishikirizwa n’abajejwe kudandaza ivyo bisigi vy’uwo mugabo, ngo ibijanye n’ukubidandaza bizobera ku muhora ngurukanabumenyi (En ligne mu kinyamazuru), aho bizera ko abafana biwe bazoharonka ibintu vyinshi bizobibutsa uwo mugabo.

Ibizodandazwa vyose bikaba bizoba bingana na 87, aho harimwo imodoka zizimvye, nka BMW yagendesheje mu kibuga c’umupira w’amaguru, inzu yari yaragabiye abavyeyi biwe iri mu gice ca Buenos Aires muri Argentine, ibirato vya Football, inkofero, imipira yambawe n’uwo mugabo, ama foto, igitari, hamwe n’agasaho (Boite) k’itabi bita Cigare vy’ico gihangange. Iryo gurishwa rikazoba kuri uyu w’Imana guhera isaha zitanu ku masaha yo muri Argentine.

Mukibuka ko uwo mugabo yasandavye azize ingwara y’umutima, hari igenekerezo rya 25/11/2020, akaba yitavye Imana afise imyaka 60 y’amavuko.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 846