EntertainmentAkes Donhomepagekirundi

Big Fizzo ati : ”Ntarukundo mwamukunda ahubwo muri aba Hypocrites mwese”

Inyuma y’amajambo abatari bake bagiye baravuga kukutaboneka ku musi wogushingurana iteka umuhisi Member, Big Fizzo yagize ico ashikiriza kubimuvugwako nimvo zatumye adashobora kuhashika.

Big Fizzo kuva ahafatiye urugendo rumushikana mu gihugu c’Ubutariyano agiye kuraba umwana wiwe yaheruka kwibaruka n’umuryango abataribake baragize ico bavuga kuri urwo rugendo aho hagaragaye ukuvugwa ko yagiye adashoboye guherekeza umuhisi Member, Big Fizzo yataze zimwe mumvo zatumye ataboneka aho avugako nabagiye atarukundo bari bamufitiye ahubwo ari aba Hypocrites bose guko umuryago wa Bantu bwoy wariwahashitse ndetse unashirako ishurwe.

Arongera akanavuga ko Member yamufata nk’umuvyeyi wiwe kuko yamufashije vyinshi yamufata nka se wiwe mu muziki aca agirako abasaba ababivuze bose ko bokora bakareka gukorera kw’izina ryiwe bigira ngo ni aberanda naho araba Hypocrites ngo nikubera iki batamukunze akiriho ngo nababivuze beshi bari murindi shirahamwe ry’abaririmvyi ritakunda ivyo yakora rero ngo nibareke kwerekana ko bamukunda mu gihe batanamukunda akiri muzima.

Mwomenya ko ivyo yabishikirije inyuma y’aho abataribake bagiye bagaruka kukutaboneka mu birori vya nyuma bijanye n’ugushingurana iteka umuhisi Bruno SIMBAMVIMBERE batazira Member.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769