footballhomepageIKIRUNDI_newskirundi_Sports

Samuel Eto’o Fils ngo aherukanye ayo kwubaka ishure ry’akarorero hano iwacu

Samuel Eto’o Fils yahoze ari umukinyi akomeye w’umupira w’amaguru ariko uno musi asigaye atwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu gihugu ca Cameroun ngo araheranye bikomeye. 

Uwo mugabo w’imyaka 40 y’amavuko ngo araheraniye igihugu ca Espagne amafaranga arenga imiriyaridi 3 z’amafaranga y’amarundi (1,000,000€), aho yagirizwa kuba atarishe ikori aho yakinira muri ico gihugu.

Ivyo vy’ayo mafaranga bikaba vyamenyekanye kubera urutonde rw’abaheranye rwasohowe n’ikigo kijejwe gutangisha amakori muri ico gihugu, aho amahera make bahereyeko ari ibuhumbi 300 vy’amafaranga y’amanyaburayi.

Ivy’uguherana bikaba bitari bishasha mu bakinyi b’umupira w’amaguru kuko mu mwaka wa 2020 mu kwezi kwa Nyakanga, Neymar nawe vyavuzwe ko aheranye imiriyaridi zirenga 34 z’amafaranga ya hano iwacu (34.624.268,60€).

Mwomenya ko uwo mugabo uno musi agiye kurabwa cane kubera CAN igiye kubera muri Cameroun, yabashije gukinira umugwi wa FC Barcelone kuva mu mwaka wa 2004 gushika mu mwaka wa 2009.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 846