homepageIKIRUNDI_newsImyidagaduro

#Dance Challenge| Frank Duniano: Ironkere ibihumbi mu gutamba indirimbo yiwe

Igenekerezo rya 31 Kigarama 2021 niho yashira indirimbo yiwe ku mugaragaro izwi kw’izina rya “Mpakakuche”, yayisohoye ari audio gusa ariko mu biganiro yagiye arakora ku binyamakuru bitandukanye vyo ngaha Iwacu yarijeje abakunzi biwe ko vidéo y’iyo ndirimbo izoboneka mu ntango z’uyu mwaka wa 2022, ariko mu kurindira yahamagariye abantu bose bafise impano yo gutamba ko bokwifata vidéo bariko baratamba iyo ndirimbo umunota umwe bakarungika ku numéro ya WhatsApp +31617085412.

Igisabwa ni ukugira vidéo ya qualité ikindi ukambara neza aho batatu ba mbere aribo bazoronka agashimwe
uwa mbere ibihumbi 300
uwa kabiri 200 nayo uwa gatatu akazotahukana ibihumbi ijana.

Ikiringo co kurungika catanguye guhera itariki 10 Nzero kikazorangira gushika itariki 22 Nzero uyu mwaka nyene. Inyuma y’aho hazoca hamenyeshwa uwatsinze
abazotahukana intsinzi bazoheza bace bakorana vidéo y’iyo ndirimbo Mpakakuche.

Ama vidéo abandanya ashirwa kuri page yiwe ya Facebook izwi kw’izina rya “Duniano” amatora azoba ku mugaragaro ubonye umurwi wakuryoheye icusabwa ni ugushirako Like na commentaire uzoba uwuhaye amahirwe yo gutsinda.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686