Diasporadiaspora eventsIKIRUNDI_news

Alphonse Nahimana wa mu Diaspora agomba gushinga ONG Local yamaze gushika mu gihugu mw’ibanga

Ibikorwa, igihagararo, n’ijunja n’ijambo vya Alphonse Nahimana biragoye guhisha mu gihugu nk’Uburundi gifise uburinganire bwa metero kwadarato 27832 km2.

 

 

Alphonse Nahimana CEO NCDP
Alphonse Nahimana CEO NCDP

Niwe yatanguje NCDP rimwe mu mashirahamwe yamuka muri Diaspora yigisha abarundi kuja hamwe, no gukorera hamwe mu ma coopératives ikanabaronsa imbuto n’amatongo bakimbura bakorora bakagira n’umusesekara, uruganda rwa Indundi Magazine rukaba rufise amakuru yo kwizigirwa ko kuva kw’igenekerezo rya 10 Nzero Alphonse amota igisagara ca Bujumbura.

Nayo ibikorwa bimuzanye bikaba bikiri mw’ibanga nk’uko yinjiye mw’ibanga, abafise amahirwe menshi bakaba ari imiryango y’abatwa b’i Muramvya barizwa no kuronka ama coopératives nawe akaba yumvise ayo marira.

Mu kiganiro yakoranye na Indundi TV ku buhinga bwa none akaba yaramenyeshe ko azoshinga ONG Local itarimwo umutahe w’umuzungu, mu kaza kugisanga cose aho musi.

Mwomenya ko Nahimana ari mu barundi bake babarizwa muri diaspora bafise ibikorwa biboneka baranguye, inyuma y’akamo ka Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu cacu yabateye mu kwezi kw’indwi mu 2021.
Si ivyo gusa, kuko ivyo bikorwa vyo gufasha igihugu n’abarundi yarashoboye kuvyigisha n’uruvyaro rwiwe aho nabo bariko barashinga amashirahamwe yo gufasha benewabo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 40