BurundihomepageIKIRUNDI_newsImyidagaduromusic

Indyarya ya Emery Sun ngo niyo yaje guhumuriza abatari abakunzi b’ibishegu

Umuririmvyi w’umurundi azira igishegu ngo ni Ir Emery Sun, ivyo ni ibiheruka gushikirizwa n’umuririmvyi akaba kandi n’umuhinyanyuzi Pacifique Nzitonda benshi bazi nka Paci Etoile du Centre.

Mu majambo yasangije abakurikirana urubuga rwiwe rwa Facebook, uwo mugabo ari gupagasa i Burayi avuga ko indirimbo Indyarya ya Emery Sun yamusubijemwo icizere ko abanditsi b’indirimbo nziza bakihari hano iwacu.

Yanditse ati : “Hari indirimbo wumva ugaca ugira icizere kuko abandika neza kandi n’umudiho uryoshe baracariho! ”

Uwo muririmvyi ntiyatamvye yirorera kuko abashigikiye iciyumviro ko umuntu yarambiwe n’umuziki w’ibishegu, indirimbo yo kwumviriza ari Indyarya bagumye bamwitsa mu ma “Commentaires” aho abatari bake barimwo abamenyeshamakuru batandukanye nka Styves Derrick bateye intege uwo muririmvyi.

Mu kiganiro aheruka gutanga, Ir Emery Sun yari yamenyesheje ko ata mugambi wo guhindura umudiho agira, ariko kandi ngo nta mugambi afise wo gukora indirimbo zitagira amajambo yigisha.

Mwomenya ko uwo muririmvyi yanamenyesheje ko uno mwaka yiteguye bikwiye kugira asohore indirimbo zitari nke, abari bishwe n’umwumwa abahaze.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 721