East Africa NewshomepageIKIRUNDI_newsImyidagaduromusic

Uwundi muririmvyi yamaze gusezera Diamond Platnumz muri WASAFI

Uwundi muririmvyi ngo yoba yamaze gukinjura muri Wasafi, ivyo bikaba biheruka gushikirizwa n’umwe muba Manager b’umuririmvyi Diamond Platnumz mu kiganiro aheruka gukora.

Mu kiganiro na WASAFI TV, Mkubwa Fella mu majambo atashimye gutangira insiguro neza yavuze ko hari uwundi muririmvyi muri label ya Wasafi yamaze gukinjura n’aho bitarashirwa ahabona.

Ivyo bikaba bimenyekanye mu gihe bizwi ko iyo label isigayemwo abaririmvyi baharurwa ku ntoke, kandi akaba ata bandi baririmvyi bashasha barinjizwa muri inyuma y’aho umuririmvyi Harmonize akinjuriye haraheze imyaka hafi 3.

Uwo muririmvyi bamwe bakaba bakeka ko yoba ari Rayvanny, ubona ko ari mu gitigiri c’abavuzwe na Harmonize ko bari bamushigikiye gukinjura, kuko nawe yabona ko uwo muririmvyi mugenzi wabo atabafata neza.

Mwomenya ko Diamond muri kino gihe hampande ya label yiwe WCB ubu asigaye afise ama “Companies” atari make yashizemwo amafaranga arimwo Wasafi Bet ari nayo ya nyuma aheruka gushinga.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 692