BurundihomepageIKIRUNDI_newsmusic

N’umukunzi mushasha wa Kolly da Magic canke?

Kolly yoba yaronse umukunzi mushasha? Ico ni ikibazo abagize imisi bakurikirana amajambo acishwa ku rubuga rwa Facebook rw’umuririmvyi akaba n’umuhinyanyuzi bokwibaza kubera umwigeme agize imisi ahacishwa.

Uwo muririmvyi azwiko kwandika amajambo meza cane y’urukundo, agize imisi yandika amajambo akomeye y’urukundo, agaherekezwa n’amashusho y’umwigeme umwe gusa, aho ni mu gihe uwari azwi ko yoba ari umukunzi wiwe agize igihe kitari gito ataboneka ku rubuga rwiwe, kandi bizwi ko uwo muririmvyi atinyegeza iyo ari mu rukundo.

Ico twabashije kubona n’uko uwo mukobwa agize imisi aboneka kuri urwo rubuga ari umwigeme azwi kuba yarabonetse muri imwe muma Videos y’abari musi y’uburongozi bwa Bantu Bwoy.

Uwo mwigeme akaba amakuru dufise aruko asanzwe aba mu gihugu c’Ubuganda, ari naho bivugwa ko hakorewe amasanamu y’iyo ndirimbo ya Elly’s Boy yabonetsemwo.

Ubu amakenga akaba ari yose nimba uwo muririmvyi ari mu rukundo canke ari wa mukenyuro wo kugira asohore indirimbo, ubona ko anamaze imisi adashira ahabona akaririmbo gashasha.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 721