footballhomepageIKIRUNDI_newsInkinokirundi_Sports

# Indundi Sports | Breaking News : Nshimirimana Amoros yaguzwe muri Helmond Sport

Umukinyi w’umusatirizi w’umurundi w’imyaka 20 akina mu gihugu ca Hollande Amoros Nshimirimana yaguzwe mu mugwi wa Helmond Sport wo mu cicaro ca kabiri.

Nshimirimana Amoros akaba yashize umukono ku masezerano yo gukinira uwo mugwi wa Helmond Sport mu kiringo c’umwaka umwe, akaba yahora akina mu mugwi w’abakiri bato wa Willem ukina muri ico gihugu ca Hollande aho yawutsindiye ibitsindo 5 atanga n’imipira ivyara ibitsindo 4 mu nkino 11.

Mwomenya y’uko Amoros Nshimirimana yigeze gutumwako mu mugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba w’abatarenza imyaka 23 ariko ntiyigeze aronka ikibanza co gukina .

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 846