BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newsImyidagaduromusic

Masteland ngo Arnovic ntiyamuhamagaye yarijanye.

Ibiheruka kwagirizwa Masterland ko yoba akoresha uburozi, uburyarya, canke ukudakora ivyo yemereye umuririmvyi Arnovic, ngo n’ububeshi butagira izina, ivyo uwo muririmvyi akaba aheruka kubishikiriza mu kiganiro yahaye imwe mu mboneshakure za hano iwacu.

Uwo muririmvyi akaba nawe nyene Mastermuzik yavuze ko ata masezerano afitaniye n’abaririmvyi bose baciye mu minwe yiwe, canke abo bari kumwe gushika ubu naho avyipfuza muri kazoza. Akaba avuga ko uwuvuga ko hari ico yamwemereye atamukoreye ngo yari akwiye kwerekana amasezerano bagiranye.

Mu kiganiro na Billy muri Siren Vibe, Masterland, yavuze kandi ko yarengewe akarimbi mu kwagirizwa uburozi kuko we atari umuzirarumenyetso, ngo yemera Imana imwe rudende, naho atabuze abamuhanura ngo arabire muri izo nzira z’abapfumu.

Uwo muririmvyi akaba ataretse no kumenyesha ko atariwe yahamagaye Arnovic muri Master Muzik, ahubwo ngo yarijanye asaba gufashwa nawe amwakira nk’uko yakira abandi akabafasha. Land akaba yavuze ko mu biteramo uwo muririmvyi yakoze ku gatwe kiwe ngo ntaco yamusavye kuko ataco bavuganye.

Masterland yavuze ko muvyo yamufashije harimwo kumushira mu gitigiri c’abantu biwe basanzwe bari musi y’amababa yiwe basanzwe bashirwa imbere n’abamenyeshamakuru bamwe bamwe basanzwe bafitaniye amasezerano yo kumenyekanisha ibikorwa vyiwe.

Masterland yanabeshuje ivy’uko yoba atanezerejwe n’uko yoba yararonse umupfasoni ari muri America, aho avuga ko urubanza barwitabanye umunezero nk’uko bama babikora mu bandi baryango basanzwe bari kumwe muri Master Muzik. Ahubwo akaba avuga ko we ico yari amwizeyeko ngo  kwari uko azofatanya nawe noneho bakugurura Master Muzik nko muri Amerika kuko biri mu migambi.

Mwomenya ko uwo muririmvyi Arnociv atakibarizwa muri MasterMuzik, ubu akaba yigenga, akaba yasezeye avuga ko yabonye ko ibikorwa vyiwe bitagitera imbere ahubwo bibandanya bimanuka, ariko kandi ngo ntibigeze bamukorera ivyo bamwemereye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 744