BurundihomepageIKIRUNDI_newsImyidagaduromusic

Ivy’ukuronderwa kubera Hmm ngo Ado Josan yavyumvise ariko arataha  

 

Umunezero ngo wari wose aho yabona ko yakwije Views 1,000,000 ku ndirimbo yiwe HMM, Ado Josan uno musi abarizwa i Bujumbura mu bikorwa vyiwe vy’umuziki ariko kandi n’ukuraba umuryango, akaba yabiyagiye imwe mu mboneshakure za hano iwacu.

Mu kiganiro na Digne Delicia wa ISAAC Tv, uwo muririmvyi yavuze ko umunezero wari mwinshi cane kubera ko yanazikwije mu mwanya muto cane.

Nayo ku kibazo c’uko yoba yararondewe kubera indirimbo HMM (Hug me More) yoba yaratitura umuco w’ikirundi ngo we ntavyo azi kuko yaciye ataha bukeye iyo ndirimbo yaraye isohotse, ivyakurikiye ngo nawe yavyumvise nk’uko abandi bose bavyumvise.

Yagize ati :“jewe nari Vol y’umusi ukurikira, Hmm yasohotse itariki 3, indege nari mfise yari kugenda itariki 4, naciye ntaha. Rero ivyo bindi nanje navyumvise nk’uko namwe mwavyumvise.”

Iyo ndirimbo ikaba uno musi ifise Views zirenga umuliyoni ikaba yaciye ija mu gitigiri c’indirimbo za hano iwacu ziharurwa ku ntoke zimaze kurabwa izo ncuro, ariko kandi mu mwanya muto cane.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 721