BurundihomepageIKIRUNDI_newsmusic

Endomike yamaze gushika muri Canada

Inyuma y’imisi umuhinyanyuzi agize ubugene n’umwigeme w’umu Diaspora, yamaze kumushikira muri Canada nk’uko imbuga ngurukanabumenyi zabo zivyerekana.

Umwe mu bahinyanyuzi bakomeye bakorera hano iwacu ariwe Endomike asanzwe akomoka mu ntara ya Ngozi ubu abarizwa muri Canada, aho yamaze gusanga umukunzi wiwe ariko kandi akaba n’umutambukanyi wiwe.

Uwo muhinyanyuzi nk’uko biboneka ku mbuga basanzwe bakoresha n’umutambukanyi wiwe, Tracy, akaba yakiranywe akanyamuneza n’umutambukanyi wiwe co kimwe n’incuti zabo, bamwe bamwe bakaba banamugeneye utuganuke.

Mwomenya ko ico gihugu kimaze kwakira abari mu muziki batari bake barimwo na Eric wo muri Redemption Voice anaheruka gutanguza igisata ca Redemption muri ico gihugu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 721