East Africa NewsEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newsmusic

Inyuma ya Big Fizzo, Charly na Nina boba bakoranye nande hano iwacu?

Inyuma y’igihe bataboneka mu muziki, umugwi w’abaririmvyikazi b’abanyarwanda ngo bagiye kugaruka n’inguvu nyinshi mu misi iza. Ivyo bikaba bigize imisi binuganugwa mu gihugu kibanyi c’urwanda aho hanasohowe ishusho barikumwe na Davido.

Abo baririmvyikazi binjijwe mu muziki n’umwe muba manager bakomeye muri Rwanda ariwe Muyoboke, bakanafashwa na Mugani kumenyekana, bakaba bacaguje abafana babo Collabo ya mbere bosohora, aho bacaguje abanafana babo mu bihugu bitandukanye.

Mu bihugu 9 babwiye abafana, Uburundi bukaba buza mu kibanza ca 6, aho harimwo Uganda, Tanzania, Congo Kinshasa, Cote d’ivoire, Kenya, Togo, Mali hamwe n’u-Rwanda.

Ubu hakaba hariko hibazwa umuririmvyi boba bafitanye Collabo hano iwacu, ubona ko uwo bamaze kuririmbana hano iwacu ari Mugani wenyene.

Mukamenya ko uwo mugwi uheruka gushira ahabona akaririmbo kabo ka nyuma mu mwaka uheze ako nako kakaba kiswe Ibirenze Ibi, nayo akaririmbo Indoro bakoranye na Mugani kamaze imyaka irenga gato 6 aho kasohotse mu kwezi kw’12 mu mwaka wa 2015.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 723