footballhomepageIKIRUNDI_newskirundi_Sports

Benzema ngo yize ibitari bike kuri Cristiano

Mu gihe kuva aho Lionel Messi aviriye muri Barcelona, uwo mugwi waciye usa n’uwuhungabanye, ngo siko vyagenze kuri Real Madrid aho Kizigenza wabo Cristiano Ronaldo yakinjura muri uwo mugwi, ivyo bikaba vyashikirijwe n’umumenyeshamakuru yaganiriye na Benzema.

Muri ico kiganiro Benzema yavuze ko yaciye afata ibintu mu ntoke kuko ngo nico gituma yahawe amasezerano ngo yitange bishoboka. Benzema yanavuze ko kugira abifate mu ntoke bitagoranye kuko yari yarigiye kuri Cristiano ibitari bike.

ʺ Nari niteguye kubera nari nize ibitari bike kuri Cristiano, ndabandanya nkora cane gusumba.ʺ

Ivyo akaba abishikirije mu gihe hasigaye imisi iharurwa ku ntoke ngo umugwi Real Madrid utane mu mitwe na Paris Saint Germain, mu mikino ya Champions League, iyo migwi nyene ikaba ifata ikabanza ca Mbere mu vyicaro vya mbere mu bihugu iturukamwo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 846