East Africa NewsEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newsmusic

Rayvanny ngo yoba yafatiwe amaboko I Mugongo kandi yashaka gukinjura muri WCB

Mu misi iheze twari twabashikirije amakuru yavuga ko umuririmvyi Rayvanny ashobora kuba ariwe agira asezere muri WC, ariko mu nyuma hahavuye hamenyekana ko ari uwundi muririmvyi ari mu batari bwerekanywe ku mugaragaro ko ari mu baryango wa WCB.

 

Naho gushika uwu mwanya ata kiravugwa kuri ayo makuru anuganugwa, ngo amakuru y’indani muri WCB avuga ko vyoba arivyo ko uwo muririmvyi Raymond Mwakyusa azwi cane nka Rayvanny  yoba ariko aritegura gukinjura muri uwo muryango.

Ayo makuru akaba avuga ko ngo muvyo asabwa harimwo amafaranga atari make kugira batandukane mu buryo bw’amategeko.

Ico ngo coba atarico conyene asabwa kuko ngo imbuga ngurukanabumenyi asanzwe akoresha zirimwo urubuga rwiwe rwa Youtube rufise abarukurikirana barenga 3,500,000 ngo narwo rwoba atazorukura muri uwo muryango co kimwe n’indirimbo zose yakoreye muri uwo muryango.

Mwomenya ko uwo muririmvyi asanzwe nawe afise inzu y’ubuhinyanyuzi ikaba na Label ariyo New Level, iyo nayo nyene ikaba ifise abaririmvyi ishigikira, kandi ku musi wo kuyishira ku mugaragaro umuririmvyi Diamond Platnumz akaba yari yahishikiye kumutera iteka.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 723