footballIKIRUNDI_newsInkinokirundi_Sports

# Indundi Sports | Prezida wa Sénégal yahaye ingabire y’ibibanza vyo kwubakamwo amazu abakinyi ba Sénégal

Inyuma yaho umugwi nserukira gihugu wa Sénégal utahukaniye igikombe ca CAN ubwa mbere , Umukuru w’igihugu ca Sénégal Macku Sall yaraye ahaye ingabire abo bakinyi.

ku musi w’Imana uheze igenekerezo rya 06 Ruhuhuma 2022 , niho Umukuru w’igihigu ca Sénégal Macky Sall yashoboye kugabira abakinyi b’umugwi nserukira gihugu wa Sénégal ibibanza vyo kwubakamwo amazu biri ku murwa mukuru wa Dakar hamwe no mu gisagara ca Diamniadio.

Umukuru w’igihugu ca Sénégal Macky Sall yarongeye agabira buri umukinyi w’uwo mugwi amadorari angana n’ibihumbi 87.

ivyo vyose bikaba vyaraye bikorewe ku kirimba iwe kiri ku murwa mukuru Dakar, ahari hakoraniye isinzi ry’abakunzi b’uwo mugwi .

Mw’ijambo ryiwe Umukuru w’igihugu ca Sénégal yashikirije yavuze ko yababajwe cane n’abantu batatu bapfuye mugihe abakunzi b’uwo mugwi bariko bigina intsinzi .

Mukurangiza yasavye umumenyereza mukuru w’umugwi  Aliou Cissé kubandanya yitegurira neza inkino z’igice ca kabiri gishira icanyuma c’igikombe c’isi zizobera muri Qatar muri uyu mwaka wa 2022.

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 314