footballhomepageIKIRUNDI_newsInkinokirundi_Sports

Abanyamerika ngo ntibakeneye Neymar Jr 

Neymar Junior ngo nta mugambi afise wo guhagarika gukina umupira atabanje gusubira kandi gukinira iyindi migwi atari PSG.

 

Mu kiganiro aheruka guha kimwe mu binyamakuru vya Sports, yavuze ko mu bibanza yipfuza gukinamwo imbere yuko asezera uwo mwuga ngo harimwo Santos agace yavukiye, ariko kandi ngo yipfuza no gukina no muri Amerika, Championnat isanzwe ngo imara igihe gito cane.

Uwusanzwe arongoye iyo Championnat ntiyatevye kugira ico ashikiriza kuri iyo nkuru, aho yavuze ko batipfuza abagiye kurangiza igihe cabo co kina, ahubwo bo bipfuza abakiri bato baba bagitangura gukina canke abagezweho.

“Ntidukenera kuzana umukinyi w’igihangange mu gihe ciwe c’ukurangiza gukina, ngo kuko yashimye kuza kurangiriza ico gihe ciwe muri MLS. Nimba batoba baje ngaha gukina, guterera bimwe biboneka mu migwi no mu League, kwubaha Championnat hamwe n’abakunzi , ntitubakeneye muri MLS.”

Ivyo bikaba biriko bishikirizwa mu gihe uwo mukinyi aheruka gushikiriza ko ata kindi gikombe c’isi azokina atari ica 2022 muri Qatar, nayo mu migwi hakaba hataramenyekana iyo azorangiriza naho amasezerano afitanye na PSG ari ayo gushika mu mwaka wa 2025.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 846