kirundiIKIRUNDI_newsmusic

Igaruka rya Sat- B mu gihugu ntawari kubiyoberwa nubwo ryari nk’ ibanga.

Mu makuru yacu twari duherutse kubashikiriza twababwiye Ko mu kiganiro Sat- B yakoranye n’abakunzi biwe biciye kuri Facebook yiwe akiri muri Tanzania ikibazo c’umusi azogarukira mu Burundi y’ishuye ko ari vuba ariko ntiyashima kuvuga umusi nyezina.

kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 15 Ntwarante 2022 niho yandika amajambo avuga ko afungiwe ku kibuga c’indege atabaza Leta Mvyeyi Ko yomufasha ariko ntiyavuga impamvu.

Niho mu nyuma impamvu yagiye kumenyekana, ivurwa n’umwe mubo barikumwe mu rugendo bashikanye ku kibuga c’indege avuga ko Sat_ B yanse kuriha amahera yo gupimwa Covid angana n’ibihumbi 60 vy’amarundi impamvu ngo nikubera yaragiye guserukira igihugu.

Bamwe nabariya bariko baragira ico babivuzeko muri commentaire bamwe ngo ntamahera nkayo yovuga KO yarabuze kandi yaravuye mu kazi ,abandi ngo n’uburyo bwiwe bwogushaka agume avurwa mbere tunamenye ko yashitse mu Gihugu,hariho n’abavuze Ko vyoshika akayabura ariko arimaramaje nk’umuririmvyi bazi ko akomeye kandi akorana n’ishirahamwe rikomeye.

Sat _B wewe ubwiwe avuga ko bibaho atayo yarafise ahubwo uwagiye kumwararaza yari kumurihira narirya yari yamweretse kwari umu fans wiwe aho kumuha amenyo y’abatwenzi.

Ibiboneka bikaba ari uko ari yo nzira yashimye gukoresha kugira agume ariwe avurwa narirya izo nzira kuri we zimurwa neza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 470