BurundiEntertainmenthomepagekirundi

Nahimana Adrienne arashimira abafana bamushitseko

Nahimana Adrienne abatari bake bakunze mu gikino ca Ninde arashima cane abamubaye hafi mu bihe bitari bimworoheye.

Mu kiyago yagiranye na Isanamu Media, uwo muvyeyi w’abana 5 n’abuzukuru atazi igitigiri, kuko hariho ngo abatari hafi yiwe, yavuze ko ico gikino camuhaye abakunzi benshi, Ari nabo bamushitseko.

Adrienne ngo mu muryango iwe, harimwo uwatoranye gukina, naho muri bino gihe atariko araboneka, ariko ngo yarakina neza.

Muri ico kiyago nyene, uwo muvyeyi akaba yavuze ko bagitangura gukina ngo iyo baja gukina haba ari kure, bigatuma bagenda n’amaguru bagahinguka n’ayandi. Ico gihe ngo umushingantahe wiwe yaramufasha kurondera ibifungurwa, naho bizwi ko abagabo ngo bitaborohera muri ico gikorwa.

Adrienne w’imyaka 65, ahanura abakiri bato, ko bakwiye guhurumbira ico gikino kuko kirimwo Impanuro zitari nke, zobafasha.

Mwomenya ko Adrienne Ari mu batanguranye n’ico gikino ca Ninde cegukira imboneshakure n’insamirizi vy’igihugu c’Uburundi, hakaba hari mu mwaka wa 1981.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775