EntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundi

Sat_B agasuzuguro yaronse acubaka izina ngo niko kamukomeje

Mu gihe hariko havurwa menshi mw’ihiganwa ribonekamwo Sat-B,hari abariko baranka Sat – B ko atari mw’ihiganwa ryitiriwe East Afrika award, bamwe bati abariteguye ngo ntibazwi kuko ku mbuga ngurukana bumenyi iryo zina ryabo ridafise ababakurikirana rero atakuntu botegura Ihiganwa nkiryo batazwi,

abandi ngo n’ishari
bariko baragirira Sat-B nibamureke yiterere imbere iryohiganwa niryukuri.

Nkuko biboneka iryo higanwa East Afrika award Sat_ B arimwo kuruhande rwo mu Burundi, ku ndirimbo yamenyekanye cane ( hit song) ariyo Sweet darling yaririmbanye na Bahati wo muri Kenya niyo iri mwihiganwa
kurundi ruhande rwa vidĂ©o nziza hari “Your day”.
Ibizova muri iryo higanwa bikazomenyekana igenekerezo rya 15 Rusama 2022 bizobera muri Kenya ivyukuntu umuntu yotora ntibiramenyesha.

Kw’ igenekerezo rya 23 Ntwarante 2022 acishije k’urubuga rwiwe rwa Facebook yanditse aya majambo agira ati:<mba shitse imbere bakansuzugura kubera ukuntu nasanga ngira ama concert mu Kanyosha, no kumusaga mpuye n’ababoyi bakankubita amakofi ngo nzanye iki mw’ikaratiye atari ubuyuwayi
kwubaka izina vyaramfashe inguvu nyinshi ntanga ibimazi…..>>

Ayo majambo yarikumwe n’ifoto yerekana iryo higanwa arimwo ryitiriwe East Afrika award

Mu kubandanya turindira uko bizogenda tubandanye tumushigikira.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769