kirundiIKIRUNDI_newsImyidagadurokirundi_actualitekirundi_entertainmentUncategorized

Bidahindutse ngo ama Webtv Atari make arugara imiryango

Abakorera kuri za mbuga za YouTube zigize imisi zihurumbirwa cane, ngo muri ino misi ico bahora bahabwa na bene YouTube ngo caragabanutse cane.

Ange Minouche yashinze Magic Channel Tv, akaba avuga ko abantu batotangara cane mu misi ya Vuba hari abantu babonye batakibona kuri izo mbuga, canke ama TV amwe amwe yugaye canke yagabanije umurindi.

Mu kiganiro Hangout ca Jimbere Magazine, uwo mwigeme yabwiye Kaboss for real ko amafaranga bahora baronka yagabanijwe ku rugezo rwa 50%. Akarorero yatanze n’aka Magic Channel Tv isigaye yinjiza amafaranga angana n’ayo yahora yinjiza bagitangura.

Ivyo akaba abishikirije mu gihe abandi batari bake babandanya bahurumbira urwo rubuga ruharurwa mu zirabwa cane kw’isi.

Minouche akaba abona ko umuti w’ico kibazo ngo aruko Leta y’Uburundi yokwemera kwicarana na YouTube noneho ngo barabe uburyo bokwemerera urwo rubuga gukorera hano iwacu.

Hampande y’akamo yateye Leta y’Uburundi, bafatanije na Kaboss bakaba bahamagariye amashirahamwe atandukanye gusidukana n’iyonka bagakorana n’abo bariko bahurumbira izo mbuga kuko ngo barabwa cane, noneho ngo bamenyekanishe ivyo bikorwa vyabo, nabo babahe amafaranga.

Mwomenya ko gushika ubu izitari nke mu zisanzwe zikorera hano iwacu, zanditswe ko zikorera hanze cane cane uburayi na Amerika.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 490