BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundi

Masterland agiye gusohora EP nawe

Imbere yuko umwaka wa 2022 uhera, umuririmvyi Masterland ngo azoba yamaze gushira ahabona EP yiwe ariko arategura.

Uwo mwanditsi wa nsomya akoresheje imbuga ngurikanabumenyi asanzwe akoresha, yibiye akabanga abafana biwe ko Hari igikorwa gishasha ariko arabategurira, Kandi ko kizoba gisukuruye.

Muri iyo Post yakoze uwo muririmvyi yagiriyeko asaba abafana biwe ukumushigikira kuko ukumuba hafi kwabo ngo agukeneye cane.

Mwomenya ko uwo muririmvyi akaba n’umugwizatunga Ari mu gitigiri c’abaheruka guhabwa inyigisho n’umugambi w’ubumwe bwa buraya PASSAC, banahabwa akaryo ko guhura n’abandi basanzwe bakora mu gisata kimwe muri Afrika y’uburengero bushira uburaruko.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775