DiasporaIKIRUNDI_newskirundi

Intererano y’umunywanyi muri Diaspora Ndundi yagabanijwe, nayo imigambi ngo igiye kuva mu mvugo ije mu ngiro

Mw’ijambo ryiwe Eric Niragira arongoye Diaspora Ndundi yamenyesheje ko bagiye gusezerera ingendo y’abantu bamwe bamwe bakunda kuvuga amajambo gusumba ibikorwa.

Akaba yagiriyeko atanga impanuro amenyesha aba diaspora ko hageze Ko bikubita agashi kuko ibihe vyahindutse, imyaka 12 Diaspora Ndundi imaze hataboneke umugambi n’umwe wova mu vyiyumviro ukaja mu ngiro.

 

Haramaze imisi itari mike haba ama nama y’agasaki saki hagati y’indongozi zisarukira abandi muri diaspora Ndundi, urwego nyobozi turikumwe n’abaserukira abandi mu bihugu Ops  rukaba rwahavuye rushira ahabona ingingo nyamukuru zafundikiwe muri izo nama zo Ku ma genekerezo ya 19,20,26 na 27 Ntwarante 2022.

*Ingingo yambere akaba ari uko intererano ya Diaspora Ndundi yashizwe Ku ma dorare mirongo itanu (50$), akaba yahora kuyashika 100$ kuduga.

*Ingingo igira kabiri akaba ari uko umunywanyi wese atanga intererano azorangwa n’ikarata y’umunywanyi.

*Ingingo igira gatatu, ikaba isaba ko urwego nshingwabikorwa rwa Diaspora rutunganya mu maguru masha no mu muco ingene ivyo ntererano izotangwa.

*Ingingo igira Kane ni uko urwego nshingabikorwa rwa Diaspora rusabwa gutegura mu maguru masha Imigambi itandukanye izotuma umurundi wese w’ishwi afise ikarata aronka uturusho.
*Ingingo igira gatanu akaba ari uko umurwi ujejwe guhinyanyura amategeko ya diaspora wokwongeramwo ingingingo yambere n’iyakabiri.

Mwomenya Ko iyo nama yari yitabiwe n’indongozi zisarukira izindi muri Diaspora Ndundi Ku rwego rw’isi ndetse no mubihugu OPS  zigera Ku 50, ikaba yemejwe na 49 , vyemejwe Ku bice 98%.

Nayo umurwi ujejwe kwiga imigambi ya DB ikaba ugiye kuajaho mu maguru masha.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 471