homepageIKIRUNDI_newskirundi

Ingabo z’Uburundi ziri muri Somalie zagabweko igitero na El Shabab

Ingabo z’uburundi ziri kugarukana amahoro muri Somalia ngo zatewe n’intagondwa z’aba El Shabab, hakaba ngo hoba hari n’abitavye umuremyi.

Amakuru dukesha BBC avuga ko amakuru bakesha umusirikare umwe mu bari muri iyi nkambi, yemeza ko batewe nabi cane, ariko Kandi ko Hari n’abitavye Imana muri ico giteramo.

Naho ku ruhande rwa ATMIS ataco barashikiriza, ngo ibinyamakuru vyegamiye El Shabab vyo vyamaze gutangura kwigamba ico gitero, ariko binashikiriza igitigiri nyenezina c’abitavye Imana muri ico gitero, naho bashikiriza ibitigiri vy’umurengera kubera Propagande zabo.

Isaha cumi n’iminota 45 z’ubucagucagu hakaba ariho ngo imodoka yuzuye ibisasu yaturika yinjiye muri ico kigo ca gisirikaye c’abarundi, El-Baraf kuri 150Km mu buraruko bw’umugwa mukuru Mogadishu.

Naho ibinyamakuru vyegamiye El Shabab bitahengeshanije mu kuvuga ko bafashe ico kigo ca gisirikare, imboneshakure y’igihugu ca Somalie ikaba yamenyesheje ko ingabo z’Uburundi zasubije inyuma ico gitero.

Iki kikaba nkuko BBC ibandanya ibishikiriza, coba arico gitero ca mbere gikomeye ku ngabo za African Union Transition Mission in Somalia (ATMIS) kuva zifashe iryo zina mu kwezi guheze kwa Ndamukiza risubirira iryahozeho rya AMISOM bivuye mu nama y’umutekano ya ONU yo mu kwezi kwa Ntwarante (3).

Uburundi muri ico gihugu bukaba bufise abasirikare baza mu Kibanza ca 2 mu bwinshi – inyuma ya Uganda – mu bagize ingabo za ATMIS zose ubu zirongowe na Lieutenant General Diomede Ndegeya w’Uburundi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755