homepageIKIRUNDI_newsImyidagadurokirundikirundi_entertainment

Lolilo indirimbo igira 6 muri Ep niyo abanje gusohora

Lolilo Mzizi wa jiwe umuririmvyi amaze imyaka itari mike mu muziki ndundi, ugerageje kuraba niwe muririmvyi afise indirimbo nyinshi amaze no kugira collabo n’abaririmvyi bo muri East Afrika batari bake.

Asanzwe yemera idini rya islam ukwezi kwa Ndamukiza kwose bari bakumaze mu Mafungo (Ramadhan). Imbere y’uko batangura ayo mafungo yari amaze imisi avuga ko ari mu gusohora Ep yiwe abaye nk’uwuteba ukwezi kuba kurinjiyemwo.

Ku bwiwe ngo ntivyari gukunda ko yosohora umuziki kandi binjiye mu mafungo,
igenekerezo rya 2 Rusama 2022 amafungo arangiye yaciye arekura indirimbo “Love U” isanzwe igira 6 muri Ep yiwe izwi kw’izina rya “Kubura”

1. Kubura by Lolilo
2. Ni ryari by Lolilo
3. Akanyambo FT Vichou Love
4. The one by Lolilo
5. Ntawukuruta FT Miss erica
6. Love u.
Izo nizo ndirimbo zizoba zigize Ep ya Lolilo tutaramenya neza na neza igihe izosohokera.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755