Entertainmenthomepagekirundi

Uwahoze Ari Miss Rwanda yatawe muri Yompi

Iradukunda Elsa yigeze kuba Miss Rwanda 2017 yatawe muri yompi n’inzigo z’umutekano mu gihugu kibanyi c’Urwanda.

Uwo mwigeme amakuru ava muri urwo rwego ngo yafashwr yagirizwa gukoresha impapuro za magendo hamwe n’ukubangamira amatohoza ku vyaha vyagirizwa uwitwa Ishimwe Dieudonne, azwi nka Prince Kid.

Uwo mukobwa yarafitanye umubano wa hafi n’uwo musore yarasanzwe afise mu minwe itegurwa rya Miss Rwanda, ngo yagiye arondera abakobwa Bose bariko bamwagirizwa ko yabakoreye ihohoterwa rifatiye ku gitsina, abashirishako umukono ku rupapuro ruhakana ivyo bamwagirije Prince Kid.

Prince Kid mu vyaha yagirizwa hakaba harimwo guhendesha abakobwa baba bariko barahiganwa kuzotuma bashika kure muri iryo higanwa, none bamwe bamwe akabasambanya. Ubu akaba Ari mu minwe y’abajejwe umutekano muri ico gihugu kugira hakorwe amatohoza.

Ari nka hamwe Prince Kid icaha kimwagiriye akaba ashobora guhanishwa igihano c’ugufungwa imyaka 15.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769