BurundihomepagekirundisecurityWestern Sydney Films Festival

Abaporisi babiri bagandaguwe n’umugizi wa nabi yitwaje inkoho

Abaporisi babiri bishwe barashwe n’umuntu yitwaje inkoho yo mu bwoko bwa kalachnikov ku musozi Mutara, zone Maramvya, komine Mutimbuzi, intara ya Bujumbura. Uwarashe abo baporisi yagiye atwaye n’inkoho zabo.

Nk’uko bishikirizwa na OPP1 Petero Nkurikiye avugira ubushikiranganji bw’umutekano no gukinga ibiza, abo baporisi babiri aribo APC Simbagoye Jean hamwe na APC Nshimirimana Léonard ngo bishwe mu bucagucagu bwo kuri uno wa kabiri igenekerezorya 19 Ntwarante umwaka w’2019 igihe c’isaha umunani n’igice z’ijoro, mu gihe bari bagiye gutabara bahamagawe kuri terefone n’umupfasoni yababwiye ko hari umugabo anyurujwe n’umuntu yitwaje inkoho.

Bashitse muri ico kibanza, abo baporisi babiri barashwe amasasu n’umuntu yitwaje inkoho yo mu bwoko bwa Kalashnikov, inyuma y’ukubica akaba yagiye atwaye n’inkoho zabo.

Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko amatohoza yatanguye kugira uwishe abo baporisi afatwe. Abantu batanu barimwo n’uwo mugore yaterefonye abo baporisi hamwe n’uwo mugabo yatabarijwe ko anyurujwenibo bamaze gufatwa bakaba bari mu minwe y’inyamiramabi ku mvo z’amatohoza.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764