BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundi

Aba Miss Dative na Sabrine ngo iyo baherekezwa bari gushika kure

Abigeme 2 muri 4 bari mu batowe muri Miss Burundi 2021 bavuga ko iyo baherekezwa n’abateguta Miss Burundi ngo vyari kuba vyiza gusumba.

Miss Dative co kimwe na Miss Sabrina batowe nka Miss Populaire hamwe na n’icababa ca 2 CA Miss Burundi ( 2eme Dauphine) bavuga ko ivyo bashitseko muri uwo mwaka uheze ngo barimemye nta kuboko kw’abateguye Miss Burundi kwarimwo.

Miss Sabrina mu kiyago na Hosy yavuze ko iyo agashigikirwa ngo umugambi wari kuba warateye intambwe ikomeye.

Uwo mwigeme akaba anavuga ko muri uwo mwaka yaragowe na vyinshi, birimwo kuba akiri kw’ishure, kuba akiri muto atazi ivy’izo mbuga ngurukanabumenyi uko yozikoresha kugira yereka isi ivyo ariko arakora, n’ukuba yagenda araba kugira atore inzira imushikana ku Bantu bomufasha mu kumuronsa impusha kugira atangure uwo mugambi.

Nayo Miss Dative we akaba avuga ko kuba yari yararangije ishure vyamufashije kugira ntagongwe na vyinshi, naho vyamusaba inguvu nyinshi mu kuja gusigura kugira abashe kuronka uburyo bumushikana iyo yaba agiye guserukira Uburundi.

Abo bigeme uko Ari 2 bakaba bahimiriza kugira abaheruka gutorwa ngo bakurikiranwe, gutyo babafashe gushika kure cane hashoboka.

Mwomenya ko abo uko Ari 2 bavuga ko ata masezerano bagiranye n’iryo shirahamwe ritegura Miss Burundi, ayo masezerano akaba ariyo yari kubamwo ukwiyemeza kubakurikirana muri ico gihe cose bazoba bariko barakora.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775