BurundihomepageIKIRUNDI_newskirundi

Mwarabu ngo nta kantu yongera muri Rolex ziwe

Kuva ku mafaranga 30,000 fbu, uno musi akaba afise abakozi 10 ahemba, agaburira kandi anarihira aho baba, Gahungu David abatari bake bazi nka Mwarabu, avuga ko imwe mu nzira vyaciyemwo ari ukwakira neza abamugana.

Mu kiganiro yagiranye na Jimbere Magazine mu kiganiro Ibibazo 20, yavuze ko ata kintu na kimwe ashira muri izo Rolex, ahubwo ngo ico akora nuko azi kudandaza neza cane.

David yagize ati :”Nta kantu na kamwe nshiramwo, ariko hariho ikintu kimwe nzi, muri ivyo bie vyo kuba mu buganda, bivanye na Situation umuntu yarimwo mu gihugu c’abandi, vyatuma menya umuntu icarico. I Give a Value to a person. Because  i know Marketing Very Well. Umu client kuri jewe ansumbira n’umuryango, Kubera umu Client uno musi ndabayeho, ahejeje kunshorera ikintu, ndamubwira Murakoze cane.  Nibaza ko ivyo ari bimwe mu vyatumye menyekana.”

Muri ico kiganiro nyene, uwo mugabo yavuze ko yatanguye gukora ama Rolex kubera yasanze hano iwacu atazihari, mu gihe yari yarabaye i buganda iyo ziba kuva ku myaka 3 y’amavuko.

Mwarabu avuga ko atazoronka ico aha abarundi mu kubashimira kuko bamwizera cane, aho ni mu gihe hari abakorera mu mazu ariko we akorera hanze, bakemera bakanyagirwa bagiye kumushorera, iyo imvura yaguye.

Mwarabu yizera ko igihe kizogera nawe akaronka inzu akoreramwo ibintu vyiwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764