BurundihomepageIKIRUNDI_newskirundi

Hosy irakoze ngo gutega ugutwi impanuro ni ngirakamaro

Hosiane Irakoze benshi bazi nka Hosy irakoze ngo kugira abashe gukora bigashimwa, ngo nuko ico afashe abonye ko agishoboye atarekura. Akaba avuga kandi ko ukwumviriza impanuro z’abandi akanazishira mu ngiro ngo ni kimwe mu bimufasha kugira abashe gushika kure.

Mu kiyago na Kaboss umwe mu bigeze kuba abakozi biwe imbere yuko yerekeza muri Jimbere magazine mu kiganiro Hangout, yavuze kandi ko kuba afise iyo ashaka gushika ngo ari kimwe mu bimufasha gukora cane, ariko kandi akama anafise muriwe akantu ko mwama ashaka kubona intambwe ibintu vyiwe biteye.

 

“Siri ya Mafanikio, iya Mbere n’ukudaheba. Jewe nukuri si mpeba, ni determination. Iyo mbonye ikintu ko ndagishoboye, ndagikora naho ama Challenges aba menshi, kuko nta kintu na kimwe coroha mu Buzima. Ndashobora gucika intege uno mwaka nko muri 2022, ugasanga nko muri 2025 hariho abantu batacitse intege bageze ahantu kure. Mvuga nti reka mbandanye nze muri babandi bavuga bati ebana naragize neza kuba ntacitse intege, narabandanije.
Ikindi ndumviriza ivyiyumviro vy’abandi bantu, ndahanurwa.Hama ikindi ndiyumvira gose, nimba mbona uno musi ndi ngaha, mba nshaka kuba ahandi hantu. Ndakunga akandi ga Step nshira ku bintu vyanje, kuko mvuga nti nimba uno musi ndi ngaha, il faut ko mu mwaka uza mba ndi ahandi hantu, bituma ndabikorera cane. Iyo udafise ahantu ushaka kugera, uguma ubona ko ha hantu uri wamaze gushika, ariko iyo ufise intego, bituma ukora gose, naho uba ubona ko birya bintu ntuzobishikako, biragoye kubigerako, mugabo kuberako uba uvuga ngo ibi narabishitseko, kandi aha ndi siho narindi ejo haheze. Umuntu ashaka gutera imbere arasetinga ico ashaka gushikako kandi akagikorera.”

Hosy Irakoze akaba ariwe yatanguje web tv yitwa Siren Vibe TV iheruka kwemererwa na CNC nka kimwe mu binyamakuru bikorera hano iwacu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764